Igihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarungika Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) mu gihugu ca Yemeni kugira ararikire abantu ukwemera Imana Allah yongere yigishe ubwislamu, yaramutomoreye ko niyagerayo azohura n'abanaswara, kuba kwari ukugira yitegurire ingene azobigisha ubwislamu abararikira kubwemera, maze aheze atangurire ku gihambaye cane gusumba ibindi; maze abanze atangurire ku gutunganya ukwemera mu kubararikira kwemanga ku mutima n'ukwatura ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana; kuko ukwo kwemanga ari kwo gutuma binjira mu bwislamu. Bamaze kumwumvira kuri ico, ace ababwiriza gutsimbataza isengesho kuko ari ryo bwirizwa rihambaye riza mu nyuma y'ukwemera Imana Imwe Rudende Allah; bamaze kumwumvira gusenga, ace abwiriza abakire muri bo ko batanga ishikanwa-bwirizwa riheza rigahabwa abakene muri bo, ni ho rero yaca imwihaniza ko atohirahira ngo avogere amatungo yabo y'agaciro kuko igisabwa mu gutanga ari ugutanga ku matungo agereranye. Mu nyuma, ni ho yaca imuhanura ko yokwirinda akarenganyo, kugira uwurenganijwe ntazohave amusabira nabi ku Mana Allah, maze nya gisabisho kikemerwa, kikamuhitana.
Hadeeth details