Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se Mwene Abdu l-Muttwalibu) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'im...

Igihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarungika Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) mu gihugu ca Yemeni kugir...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa...

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwuzogirirwa ibakwe kurusha abantu bose mu gusabirwa na yo ku musi w'izuka,...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Imana Allah...

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze...
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)...

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza akihanikiriza kurenza urugero rurekuwe n'amategeko mu kumuhayagiza bamutazira ama...
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Imwishimire bompi we na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah)...

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ategeka ko hashikirizwa ubumenyi bushingiye ku nyigisho n'imigenzo yiwe canke ku Gitabu...

Igihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarungika Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) mu gihugu ca Yemeni kugira ararikire abantu ukwemera Imana Allah yongere yigishe ubwislamu, yaramutomoreye ko niyagerayo azohura n'abanaswara, kuba kwari ukugira yitegurire ingene azobigisha ubwislamu abararikira kubwemera, maze aheze atangurire ku gihambaye cane gusumba ibindi; maze abanze atangurire ku gutunganya ukwemera mu kubararikira kwemanga ku mutima n'ukwatura ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana; kuko ukwo kwemanga ari kwo gutuma binjira mu bwislamu. Bamaze kumwumvira kuri ico, ace ababwiriza gutsimbataza isengesho kuko ari ryo bwirizwa rihambaye riza mu nyuma y'ukwemera Imana Imwe Rudende Allah; bamaze kumwumvira gusenga, ace abwiriza abakire muri bo ko batanga ishikanwa-bwirizwa riheza rigahabwa abakene muri bo, ni ho rero yaca imwihaniza ko atohirahira ngo avogere amatungo yabo y'agaciro kuko igisabwa mu gutanga ari ugutanga ku matungo agereranye. Mu nyuma, ni ho yaca imuhanura ko yokwirinda akarenganyo, kugira uwurenganijwe ntazohave amusabira nabi ku Mana Allah, maze nya gisabisho kikemerwa, kikamuhitana.
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwuzogirirwa ibakwe kurusha abantu bose mu gusabirwa na yo ku musi w'izuka, ari uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah arikuye ku mushaha wiwe. Iryo jambo rikaba risigura ko ata gikwiye gusengwa vy'ukuri atari Imana Allah, n'uko ryovugwa ryejejwe ibangikanyamana n'ukwiyerekana.
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze ko ari Yo Nyawikwije Izira ibangikanywa; kuko ari Yo Yikenuye muri vyose, n'uko umuntu iyo agize igikorwa akora mu bikorwa nyumviramana (nyobokamana), maze akagikora ku bw'Imana Allah no ku bw'ikindi kintu kitari Yo, Ica Ireka kukimwakirira kikamugarukako (Ikanakimusubiza). Ni ngombwa rero ko haba izirikanagikorwa ku bw'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, kuko Nyenukuninahazwa Atakira na kimwe mu bikorwa, kiretse icakoranywe izirikanamana (izirikanagikorwa ku bwayo).
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza akihanikiriza kurenza urugero rurekuwe n'amategeko mu kumuhayagiza bamutazira amatazirano y'Imana Allah, no mu kumushinga ibikorwa vyagenewe Imana Allah, canke ko yoba azi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko yosabwa hamwe n'Imana Allah, nka kurya abanaswara babigenjeje mu guhayagiza Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y'Imana Allah). Hanyuma arerekana neza na neza ko we ari Umuja mu baja b'Imana Allah, akanabwiriza abantu ko mu kumuhayagiza bovuga bati: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo".
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ategeka ko hashikirizwa ubumenyi bushingiye ku nyigisho n'imigenzo yiwe canke ku Gitabu ca Qor'ani, n'aho nya bumenyi bwoba buto nko gushikiriza Aayah imwe muri Qor'ani canke inyigisho imwe y'intumwa, ariko hagasabwa ko uwushikiriza nya bumenyi aba ari umumenyi koko azi ukuri ku vyo ashikiriza no ku vyo ararikira abantu ko bubahiriza. Aranerekana neza na neza (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ko ata kabi kari mu kwiganira abantu inyigisho zakiriwe ku vyabashikiye Bene Israyeli, mu gihe nya nyigisho zidaciye kubiri n'amabwirizwa yacu. Hanyuma aheraheza yihanikiriza ko hatogira uwumubeshera mu gushikiriza inyigisho y'irementanya atigeze yigisha; kuko uwumurementanirije mu gushikiriza nkana ivyo atigishije; uworamuka abikoze, araheza yitegurire ikibanza azoshikiramwo mu muriro udahera.
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yasavye Imana yiwe Rurema Allah, ko Itoreka imva yiwe ngo ibe nk'ikigirwamana gisengwa n'abantu mu kuyubaha bayininahaza no mu kuyitumbera bayubamira. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca asigura ko Imana Allah Yavumye mu kwirukana mu mpuhwe zayo, uwo wese yagize imva z'Abavugishwamana kuba imisigiti; kuko guhindura nya mva zikaba imisigiti bituma abantu bazigira ibigirwamana mu kuzitumbera mu vyo bakora no mu kwemera ko zica zigakiza.
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza kwirengagiza gusengera mu nzu nk'aho zoba ari imva kizira ko hasengerwa. Yaranabujije abantu kuguma bisubiriza mu kuja kugendera no guhurira ahari imva ku bihe bizwi bitegekanijwe; kuko ivyo vyohava biba inyendamuvano y'ibangikanyamana. Yarategetse n'uko abantu bomusabira amahoro n'impuhwe ku Mana Allah aho bazoba bari hose kw'isi; kuko igisabisho asabiwe n'uwuri hafi yiwe kimushikira co kimwe n'ico asabiwe n'uwuri kure yiwe, nta gituma rero hoba ikurakuranwa ryo kuja ahari imva yiwe.
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana yerekana icubahiro ciwe afise ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, yaranerekanye n'uko nya cubahiro yahawe kiri ku rugero rw'urukundo rwo hejuru cane; nka kurya Ibrahimu (nyakugira amahoro y'Imana Allah) yahawe nya cubahiro, ni na co gituma yahakanye kuba yogira uwundi mukunzi nkoramutima atari Imana Allah; kuko umushaha wiwe wuzuye urukundo rwayo Yo Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, wuzuye n'icubahiro hamwe n'ukuyimenya bikwiye ku buryo ata rukundo rw'ikindi kitari Imana Allah rworonka aho rukwirwa; iyo rero aza kugira umukunzi nkoramutima mu biremwa, yari kuba ari Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire). Hanyuma yarihanije irihanikiriza kurenza urugero rwo gukunda kurekuwe nka kurya abayahudi n'abanaswara babigenjeje ku vyerekeye imva z'Abavugishwamana n'iz'aberanda muri bo, ku buryo bahavuye bagira nya mva ibigirwamana bibangikanywa n'Imana Allah mu gusengwa, baraheza bubaka kuri nya mva imisigiti n'amasengero. Ni kuri iyo mvo rero, Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yabujije abantu yarungitsweko ko bokwigenza nk'abayahudi n'abanaswara mu gukora ivyotuma bagwa mw'ibangikanyamana.
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aramenyesha ko umuntu uwo ari we wese arahiye ku kitari Imana Allah, ku mazina no ku matazirano atari ay'Imana Allah, aba agararije canke abangikanije Imana Allah; kuko ukurahira ku kintu gushingiye ku cubahiro nta ngere ca nya kintu, icubahiro nta ngere na co kikaba gikwiye gusa Imana Allah Yonyene, ntibirekuwe rero kurahira kiretse gusa ku Mana Allah, ku mazina no ku matazirano yayo. Ukwo kurahira ku kitari Imana Allah, guharurwa rero mw'ibangikanyamana rito (Iryo ntirikura umuntu mu bwislamu); ariko rero iyo uwurahira arahiye ku kintu yemanga ko gifise icubahiro nta ngere gihabwa Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere canke kikirengeye, muri ico gihe ukurahira ku kitari Imana Allah guharurwa mw'ibangikanyamana rikuru (Iryo na ryo rikaba rikura umuntu mu bwislamu).
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) abwiriza umwislamu ko ategerezwa kubuza ikorwa ry'ikibi "al-mun-karu"; ikibi na co kikaba ari kirya kintu cose cabujijwe n'Imana Allah n'Intumwa yayo, iryo buza ry'ikibi rero rigakorwa hisunzwe uburyo n'ububasha umwislamu afise; aramutse rero abonye ikibi gisasiwe indava, abwirizwa kubuza ko gikorwa akoresheje inguvu z'iminwe mu gihe yoba abishoboye; bimunaniye kubuza nya kibi akoresheje inguvu, araheza akabuza kugikora mu kwamama yibutsa uwagikoze ingaruka mbi comugirira, anamwerekeza gukora ivyiza ha gukora ibibi; bimunaniye kubuza nya kibi mu kwamama ahanura; aca acanka akacankiriza ku mushaha wiwe mu kwiyemeza ko iyo aza kuba ashoboye kukibuza, yokibujije. Ukwanka n'ukwankiriza ikibi ku mushaha rero, ni rwo rugero rwo hasi rubaho mu kubuza ikorwa ry'ikibi.
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana uguteterwa n'agahombo, abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro bazogira; kuko batagendera ku burongozi n'ubumenyi bukwiye mw'idini, mu buzima bwo kw'isi, mu mvugo zibaranga no mu bikorwa bakora, gutyo bakarenga imbibe z'amategeko bazaniwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
Hadeeth details

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera, biri hafi cane y'umuntu nka kurya umugozi w'ikirato yambaye uri hafi yiwe. Ivyo bikabonekera mu kuba hari igihe umuntu akora igikorwa c'iyumviramana, maze Imana Allah Ikagishima, Ikakimuhembera Ubwami bw'ijuru; canke agakora icaha gituma yinjira mu muriro udahera.
Hadeeth details