Itegeko ry'ibuza ry'ikibi, ni umuryango wagutse mw'idini ku buryo ata n'umwe yoryigobotora, umwislamu uwo ari we wese rero, abwirizwa kurishira mu ngiro yisunze uburyo n'ubushobozi afise.
Itegeko ryo kubwiriza gukora iciza n'iryo kubwiriza kureka gukora ikibi, biri mu bintu biranga ukwemera; ukwemera na kwo rero, burya kuriyongera canke kukagabanuka hisunzwe ibikorwa.
Igisabwa mu kwubahiriza itegeko ryo kubwiriza kureka gukora ikibi, ni ubumenyi bujanye na nya kibi kibuzwa.
Igisabwa mu kubwiriza kureka gukora ikibi, ni uko hatoba inkurikizi zotuma hakorwa ikindi kibi kikiruta mu bubi.
Ukubuza ikorwa ry'ikibi, kurafise urupfasoni n'ibisabwa vyubahirizwa, bikaba ari ngombwa ko umwislamu abanza akavyiga akabitahura.